ICO TWOMENYA KU MUGERA MUSHASHA WA KORONAVIRUSI
Partage

Nkuko mumaze imisi muvyumva mu binyamakuru ku ma radiyo ,ku mbonesha kure no ku ngurukanabumenyi , hari umugera mushasha witwa koronavirusi wabaye ikiza mu bihugu vyinshi .Uyo mugera watanguriye mu gihugu c’Ubushinwa mu gisagara citwa Wuhani mu kwezi kwa kigarama 2019. Uyo mugera kugeza ubu umaze gukwiragira mubihugu bitari bike kwisi cane cane mu bihugu vy’iburaya. Nico gituma ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi riheruka gushikiriza ko uyo mugera wabaye ikiza kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante 2020.

Kubera ko inkuru nyinshi zica ku buhinga ngurukana bumenye ziba ziri mu ndimi zidatahurwa n’abarundi bose , twahisemwo kubabwira muri make ibijanye n’uwo mugera kugira umurundi wese yisomere atahure ashire ubwoba .

1)Koronavirusi n iki?

Ni ingwara iterwa n’umugera (virus :SARS-cov-2), watanguye kwibonekeza mu gihugu c ubushinwa (chine) mu kwezi kwa kigarama 2019. Kugeza kwino saha mu Burundi akaba ata mugwayi n’umwe aribonekeza afise uyo mugera .

2)Yandurwa gute?

Kugera kuri ino saha ivyigwa bimaze kugigwa n abahinga vyerekana yuko uyo mugera wandugwa biciye m’utuma (goutelettes) dutaruka tuva muzuru canke mukanwa iyo umuntu akoroye canke yasamuye. Umuntu agashobora kwandura tumuguyeko umuntu afise uyo mugera yasamuye, akoroye canke umuntu akandura iyo akoze aho utwo tuma twaguye munyuma agaheza akikora muzuru, mu kanwa canke mu maso. Nta bundi buryo bwo kwandura buratorwa

3) Ibimenyetso vy’ingwara n’ibihe

Nkuko ivyigwa bimaze gukorwa kugeza ubu bibandanya bibivuga ; ibimenyetso vy’iyo ngwara bikaba ataho bitandukaniye mu ntango n’ibimenyetso vy’agahiri gasanzwe (grippe,rhume) canke ibigoga(angine),bikaba ari ibi bikurikira :

-Ubushuhe (temperature )

-Gukorora (ata gikororwa kiza)

-Gukenyukirwa canke uburuhe

-Bamwe mubagwaye bakaba babara mu mitsi canke mungingo (articulation) canke rimwe na rimwe bagacibwamwo. Ibice murongo umunani kw’ijana (80%) vy’ abagwayi bagira ingwara yoroshe , ibice cumi na bitanu kw’ijana (15%) bagira indwara ikaze , batanu kw’ijana (5%) nabo bararemba .Ivyigwa vyerekanye ko ibice nka bitatu n’igice kw’ijana (3.4%) vy’abagwaye bitaba Imana , benshi muribo akaba ari abafise imyaka iva kuri 50 n’iyirenga. (Nkuko muvyumva 96% y abanduye barakira )

4)Umuntu yokora iki ngo yikingire

-Gukaraba amazi n’isabuni kenshi gashoboka

-Kwifuka kuzuru ukoresheje ukuboko (avant-bras) mu gihe uriko urasamura canke ukoroye

-Kwirinda gukorana muntoke, tugahana indamutso y’amahoro

-kutegera cane (kurenga metero 1 ni igice (1.5m)) umuntu akorora canke yasamura

-kwirinda kwikora mu zuru mu maso canke mu kanwa

-Wumvise umerewe nabi irinde kuja aho abandi bari, kurikize impanuro zitangwa n abajejwe amagara y abantu aho muherereye.

5)Koronavirusi iravugwa ?

Kugera kuri ino saha nta muti canke urucanco rwa koronavirusi ruraboneka Ariko abafise ingwara ikaze irashobora kwunyugwa nuko amahaha aca atangura gukora nabi hamwe n’ ibindi bihimba vy’umubiri (insuffisance multivisceral) , bikaba arivyo bishobora kumuhitana . Nico gituma kuja kwa mu ganga ari nkenerwa kuko bashobora kubafasha mugukinga canke kuvura ivyoza vyunyura iyo ndwara. Mwirinde kwumviriza abababesha ngo barayivura.

6) Twokora iki ?

Mutekane, mukurikize impanuro muhabwa n’abajejwe amagara y’abahuntu n’intwaro aho muherereye . Na cane cane mwirinde ibihuha .Bitayeko Ubushikirangaji bw’amagara y’ abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bwaramaze gufata ingigo zishimishije zo gukingira abenegihugu.Tekane rero mwongere mufashe abandi gutekana [ ivyanditse hano bikaba bishikirizwa n ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS ] MURORANIRWE.

Muganga Désiré CITEGETSE, afadikanije na Muganga Hermenegilde HACIMANA