Partage

Umugwi w’intabarirwa CNARED uhejeje gusaba ko hoba « Intwaro mfatakibanza » ngo yoheza igakururikizwa « n’amatora yigenga atagira amahinyu ». Ubiravye, wogira ngo ni amajambo y’ubwitonzi, uretse ko yavuzwe n’uwagize ububeshi umwuga ! Muri ino mwyaka iheze, na cane cane aya mezi umunani aheruka, twagiye turorera agakinamico k’ihiganwa mubinyoma n’irementanya, gushika n’aho wa mubiligi Maingain agerekeranya amasanamu y’ubwicanyi n’ububisha bubuteye ubwoba, yakuye mu mahanga, akayashira ku gatwe ku benegihugu b’iKarusi.
N’ubu ico kinyoma ca CNARED cambaye ubusa ! kumwe uruvuruvu rwihindura ambara, hirya y’ejo muri 2010 yiyita IKIBIRI ; kimwe cikura mu matora abarundi n’amakungu yemeje. Iyo nyifato igayitse yarakomerekeje Demokarasi, Imana irakinga, ituma n’abatavuga rumwe na Leta babura icepfo n’ica ruguru. Niho batangura kurementanya ibitaja ntibize, bakindisha agahanga, baremeka inkono ishushe inzego zitorewe n’abanegihugu. Insamirizi n’imboneshakure bimwe bimwe bibabera ibikoresho, ngo mpaka iyo ntwaro itembagazwe.
Abo batavuga rumwe na Leta bavuye mu mvugo baja mu ngiro, ngo bikuye ubugererwa biyita SINDUMUJA, bafata ibigwanisho biha amabarabara ngo bagomba guhagarika amatora ! Bitebe bitebuke, bararenze ihero ry’imiti, bita mu muriro kuwa 13 rusama 2015, ngo bafate igihugu ku gikenyi ! Ivyo bibata ku wa mazi !Iyo CNARED iriko ivuga amatora, kuba ari gutera inkore ku maso abene gihugu, ntavyo bashoboye gukora, nta nivyo bashaka kubera badafise akaranga mutima ko gukunda n’ugukundisha UBurundi. Ntamutima wa demokarasi bafise, nta n’uwo bigeze. None SINDUHIJE na NYANGOMA hamwe n’abandi bagize umutwe wa CNARED ntibibereye i Bulaya ? Ni mba bashaka kazoza keza ku Burundi n’abababubaye mwo, ni batange icemezo ko bemeye DEMOKARASI, bemere barindire igihe c’abo bazoba batsinze amahiganwa mu matora atomoye ! Nta yindi nzira ishoboka ; no mu bindi bihugu biteye imbere ni ko bigenda ! Ahandi, « uwushaka gutema urwiwe bamutiza umuhoro », hanyuma akaburiramwo vyose !
Uko abari muri CNARED bariko barigenza uno munsi, ba Sinduhije na ba SINDUMUJA ngo bashaka gutema batongora gushika bafashe igihugu, ni ubujuju butagira urugero…ni nka wa mwana barungika mu masomero, bamuhaye ibikwiye bikamunanira kwiga n’uguca ubwenge ; akagaruka kwiba uwamuhaye. Aho batagira isoni, bonyene ntibisonera mukuvuga ko bashaka « Intwaro mfata Kibanza » hanyuma amatora ; kandi baca bayikuramwo ! Ico twobahanura ni ukurindira umucamanza mukuru, ni ukuvuga umwenegihugu, akabakenyurira biciye mu matora. Ibindi ni « ugukora ubusa nk’imwana atagira impembo… »!

burundiindependent
Le Burundi, le Peuple, la Paix