Partage

N’aho yemeye gusubiza imiriyoni 23 z’amafaranga y’amadorare ya Amerika yakoreshejwe mu gusubiramwo inzu bwite y’umukuru w’igihugu Jacob Zuma, iherereye ahitwa Nkandla, mu ntara ya KwaZulu-Natal, urubanza ruri muri sentare rurabandanya.

Icegeranyo c’ubugenduzi bw’ubutunzi bwa Reta cerekanye mu mwaka w’2014 ko Jacob ZUMA yakoresheje amafaranga ya Reta mu gutunganya iyo nyubako yiwe bwite, ivyo abatavuga rumwe nawe babonyemwo ubunyonyezi hamwe n’ugusesagura amatunga ya Reta, arikwo guca bashingisha urubanza muri sentare.

Mw’itangazo ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo vyashize ahabona, umukuru w’igihugu Jacob Zuma yamenyesheje ko yipfuza gusozera ivyo bibazo mu mahoro, asaba umushikiranganji w’ikigega ca Reta ko yomubwira igitigiri c’amafaranga ategerezwa gusubiza mu kigega.

Ayo mafaranga agera ku miriyoni 23 z’amadorare ya Amerika aronderwa kuri Jacob Zuma yakoreshejwe muvyo bise gukomeza umutekano wo ku rugo bwite bw’uwo mukuru w’igihugu, mu vyakozwe hakaba harimwo ukwongerako ubwogero (Piscine), ikibanza c’ukwidagadura hamwe n’uruzitiro rw’ubworozi bwiwe, ariko ayo yose akaba yakuwe mu makori y’abanyagihugu.
JPEG – 15.5 koJacob Zuma, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo
N’aho umukuru w’igihugu Jacob Zuma yemeye gusubiza mu kigega ca Reta ayo mafaranga, imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe nka Democratic Alliance (DA) na Economic Freedom Fighters wa Julius Malema, yabandanije kumenyesha ko izobandanya kwitura ubutungane. Bitegekanijwe ko sentare nkuru ya Afrika y’epfo isuzuma namba umukuru w’igihugu Jacob Zuma ategerezwa gusubiza mu kigega ca Reta, muri ayo mafaranga, ayagera ku miriyoni 15 z’amadorare y’abanyamerika.

Naho yosubiza ayo mafaranga, urubanza rwashingishijwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Jacob Zuma ruzobandanya kuburanishwa, mbere iyo migambwe ikaba itegekanya gukora imyiyerekano ikomeye izoba irongowe na Julius Malema, umukuru w’umugambwe Economic Freedom Fighters, akaba uwo Julius Malema yahora ari somambike wa Jacob Zuma imbere y’aho batangura kudacana uwaka.
JPEG – 973.1 koJulius Malema, umukuru w’umugambwe Economic Freedom Fighters
Mu mugambwe Economic Freedom Fighters bamenyesha ko iyo myiyerekano iriko itegurwa mu ntumbero yo kwiyamiriza igiturire hamwe n’igisa naco mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Ku ruhande rwa Jacob Zuma n’umugambwe wiwe ANC uri ku butegetsi, bamaze kumenyesha ko iyo myiyerekano iriko irategurwa inyegeje inyuma yayo igikorwa ca poritike.

Tubibutse ko Julius Malema wo mugambwe Economic Freedom Fighters utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Jacob Zuma ariwe yatanguje isekeza bise #PayBackThemoney (Subiza ayo mafaranga), isekeza ry’ugusaba umukuru w’igihugu Jacob Zuma ko yosubiza mu kigega ca Reta amafaranga yakoreshejwe mu gusubiramwo inzu yiwe bwite, atari iy’igihugu.