Partage

Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD akaba n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal Nyabenda,amenyesha ko ibivugwa vy’ihonyabwoko mu Burundi,vyashikirijwe kandi na Hervé Ladsous ajejwe ibikorwa vyo gutsimbataza amahoro mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, biriko bikorwa n’igihugu c’Urwanda.

Yishura ku bibazo vy’ikinyamakuru Jeune Afrique,Pascal Nyabenda yishuye ati :

Jeune Afrique : Ihonyabwoko ni ikintu gishoboka mu Burundi nkuko tubisoma mu rwandiko rwashikirijwe ONU.Mubivugako iki ?

Pascal Nyabenda : Si irya mbere iryo jambo rivugwa. Ariko ico tuvuga kandi twamye tuvuga nuko iryo jambo riva mu gihugu c’Urwanda. Ni indirimbo y’abanyarwanda. Mu Burundi ico nticitezwe kubaho. Muri Reta, dufise abahutu ku bice 60 kw’ijana n’abatutsi ku bice 40 kw’ijana. Reta nk’iyo yoshobora gukora ihonyabwoko gute ?
Mu biro vy’umukuru w’igihugu mu bajejwe imirimo y’umukuru w’igihugu harimwo abahutu n’abatutsi,uwujejwe ubuzima bw’umukuru w’igihugu ni umututsi. Arusha yaratoereye inyishu ikibazo. Ayo masezerano ya Arusha yateweko umukono mu mwaka wa 2000 yaraduhaye inyishu,hasigaye gusa kuyakomeza no kuyahinyanyura.

JA : Ariko hari amajabo akomeye yavuzwe muri aya mezi aheze,nkayashikirijwe n’umukuru w’Inama nkenguzamateka Reverien Ndikuriyo aho yavuze ari imbere y’abanywangi ngo : « Mutegerezwa guheza abo bantu,Rindira umunsi bazobabwira mukore,muzobona itandukaniro ! »…

PN : Ndazi neza ko umukuru w’Inama nkenguzamateka ari umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD. Nta ntumbero nkiyo afise. Bagereranije ivyo yashikirije , n’amajambo yavugiwe mu Rwanda imbere yuko haba ihonyabwoko. Ku gihamana kibi,ikirundi n’ikinyarwanda n’indimi zisa. Amajambo akoreshwa mu kirundi avugwa co kimwe nayo ikinyarwanda,ariko ico asigura si kimwe. Ayo majambo ntiyogereranywa. Mu Burundi,turavye uko mu kibano bimeze n’ingene abahutu n’abatutsi bahana abageni,ihonyabwoko ntirishoboka. Isi itegerezwa kubimenya.

JA : Hari ukuboko kuri inyuma y’ivyo vyose. Ninde yoba afise inyungu mu kuvuga ko hashobora kuba ihonyabwoko mu Burundi ?

PN : Nabibabwiye ni Urwanda. Nibo bariko bacuruza iryo jambo.

JA : Mubibona kumwe n’abandi banywanyi ko harimwo amakungu ?

PN : Ego,hari ukuboko kuri inyuma yivyo vyose.

JA : Ni ukuhe kuboko ?

PN : Ni ukwo Urwanda,rushaka kugenzura ibihugu vyose birimwo abatutsi. Ukwo Ububirigi. Noneho abashatse gutembagaza ubutegetsi bagiye i Kigali canke I Bruxelles,aho baba kandi bagafugurirwa. Bari ku kazi !

JA : Ikindi kiri mu rwandiko rwashikirijwe ONU,ni intambara…..

PN : Aho naho nyene mvuga nti Oya. Nta ntambara. Ariko guhungabana kw’umutekano,ego,kuko hari urwaruka rufise ibirwanisho mu ma quartiers amwe. Ndabaza ikibazo : Ivyo birwanisho biva hehe,ni nde abitanga ?

JA : Reka ndababaze ikindi : ra gute ko urwaruka rushika aho ruhitamwo gukoresha ibirwanisho ?

PN : Batanguye batera amabuye abapolisi mu kwezi kwa kane.Ubu bafise ibirwanisho. Ababakoresheje mu gihe c’imyiyerekano nibo nyene babaha ibirwanisho uno munsi. Ntibabikora bivuye kuri bo.

JA : Bavuga ko bakoresha ibirwanisho kugira bikingire abajejwe umutekano……

PN : Oya sivyo ! Bakoresha ibirwanisho kugira batwake ubutegetsi. Batanguye imyiyerekano kw’igenekerezo rya 26 ukwezi kwa kane,hanyuma kw’igenekerezo rya 13 ukwezi kwa gatanu habaye kugerageza gutembagaza ubutegetsi….Ivyo vyose mu ntumbero imwe : Gukura umugambwe CNDD-FDD ku butegetsi. Ni abarwanya demokrasi.Dufise imirwi ibiri mu Burundi : Umurwi w’abantu jewe ndimwo,ishigikite demokrasimhakaba kandi uwundi murwi.Abo bavuga ko CNDD-FDD yamaze gufata urubga rwose kandi batazosubira gushika ku butegetsi biciye mu matora,bakavuga ko bategerezwa kurondera izindi nzira kugira bashike ku butegetsi.

JA : Ubuzima bwa buri munsi bw’abanyagihugu bugizwe no guhagarikwa,amabi n’ubwicanyi. Abantu bafise ubwoba gushika na kure ya Bujumbura.

PN : Nivyo,harabaye amasase n’abahitanywe nayo,ariko ni i Bujumbura honyene. Ivyo ntabiriyo hagati mu gihugu. Dufise imitumba 3000,ndashobora kuvuga ko ibice 98 kw’ijana vy’ubutaka bw’igihugu buri mu mutekano. N’i Bujumbura abantu baraja ku mirimo. Hari gusa ama quartiers amwe akiri mu mutekano muke.

JA : Kw’igenekerezo rya 11 Kigarama,amakambi y’abasirikare yaratewe.Iminsi ikurikira haratowe ibiziga mu mabarabara. Bavuga abantu 150 bapfuye. Vyoba vyakozwe n’abajejwe umutekano ?

PN : Mu mezi atandatu, habaye ibitero 2,ico kuwa 13 Rusama 2015 nico kuwa 11 Kigarama 2016. Abajejwe umutekano barasubije ababateye. Abatunganije ivyo bitero barondera ibimaze kugira batembagaze Uburundi.

JA : Ababibonye bavuga ko ari urwaruka rw’abanyagihugu rwishwe. Barabesha ?

PN : Bavuga ko bari abanyagihugu kuko ata mpuzu za gisirikare bari bafise. Ariko bari bafise ibirwanisho. Bateye amakambi bambaye nk’abanyagihugu.

JA : Kuberiki bataye ibiziga vyabo mw’ibarabara ?

PN : Sinzi. Igihe amasasu yavuga jewe nari muhira.

JA : Mwoba mudashigikiye umurwi w’amatohoza ?

PN : Hari abahinga b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya bari ngaha.

JA : Ni gute mwova muri ivyo bintu ?

PN : Inzira imwe y’ukuri,ni ukwicara hamwe ku meza mu ntumbero yo gutora inyishu. Dukwiye kwicara turabana tukavuga duti : « Ntibigasubire ».

JA : Muremera kuganira n’abatavuga rumwe na Reta bahunze ?

PN : Mu bahunze,bamwe n’abagerageje gutembagaza ubutegetsi. Icokorwa,nuko ubutungane bwo kwerekana abashatse gutembagaza ubutegetsi nabatari bo. Reta ntishobora kuganira n’abashatse gutembagaza ubutegetsi.

JA : Muzoja kuganira i Arusha,muhagarikiwe n’umuhuza w’umuganda ?

PN : Ibiganiro tuvuga ni ibiganiro vy’abarundi bose. N’umurundi ari ku mutumba,yitavye amatora,yatanze ubutumwa bugaragara mu kuvuga ati : « Ndashigikiye Demokrasi », ategerezwa kwumvirizwa. Abarundi bose ntibashobora kuja i Arusha. Rero,turashigikiye ibiganiro vyobera hanze,ariko tugashira imbere ibiganiro bibera mu gihugu.

JA : Le CNDD-FDD, umugambwe murongoye,ntiwabaye umugambwe wa Reta ?

PN : Ariko… Hari abashingamateka 30 bigenga mu nama nshingamateka,kuri 90 bava muri CNDD-FDD. Mu gihugu,hari abakunda umugambwe hakaba n’abandi bashigikiye iyindi.

JA : Mu mwaka uheze umugambwe warirukanye kandi urahagarika bamwe mu banywanyi bawo berekanye ko badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Mu mugambwe abanywanyi barashobora gushikiriza uko babona ibintu ugutandukanye ?

PN : Ego cane. Ariko mu nzego z’umugambwe,atari hanze. Hari indero itegerezwa kwubahirizwa. Abahagaritswe bazosubizwa mu mugambwe vuba. Abirukanywe nabo barashobora kugaruka ikindi gihe.

JA : Urwaruka rw’umugambwe,imbonerakure baragirizwa gutera ubwoba abanyagihugu no gufasha mu bikorwa vy’igipolisi…

PN : Muri iki gihe ? Nibaza ko ahubwo ari abo gushimirwa. Ingene bitwaye,ntibitavye imyiyerekano. Ntibasubije igihe babatera. Imbonerakure imwe yarishwe ibona. Warigeze ubona uwuri mu myiyerekano yaturiwe akanura ?