Partage

Ba babikira batatu bishwe basezewe icese mu misa yo kubasabira yabereye kuri Mont Sion Gikungu : Agahinda n’amarira ni vyo vyaharangwa. Politike

Yanditswe na Boris CIMPAYE na Anicet NYAMWERU.
10-09-2014 , 14:22
Abayisomye : 645
Ivyiyumviro 0

Kuri uyu wa gatatu niho haba imisa yo gusabira no gusezera bababikira batatu bicwa bunyamashwa muri paroisse Kamenge. Ico gisabisho caherejwe kuri Mont Sion i Gikungu.

Naho hari ku musi w’imirimo, nticabuze ko abantu batari bake baza.

Abihebeye Imana batari bake bari bitavye ico gisabisho, co kimwe na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo aha mu Burundi.

Ku ruhande rwa Leta y’Uburundi, icegera ca mbere Prosper BAZOMBANZA, arikumwe n’umukuru w’Inama Nshingamateka hamwe n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.

Muri iyo nkuka ya misa, umwungere wa Diocese nkuru ya Bujumbura yagarutse kw’ijambo ry’Imana riri muri Bibiliya aho Yezu yazura Lazaro. Musenyeri Evariste NGOYAGOYE yashimye ubutwari bwabo babikira Olga, Bernadette na Lucia, ati bamaze imyaka mu butumwa bwo gufasha muri Afrika, ndetse no mu busaza bwabo ntibashimye gusubira iwabo mu karuhuko, bahisemwo kugumana n’abarundi. Evariste NGOYAGOYE ati, ababikoze ntibabasabiye igihano c’urupfu ahubwo tubasabiye guhinduka. Yanabeshuje ivyavuzwe ko uwabishe yabanje kubafata ku nguvu, ati abaganga basanze atari vyo.

Nawe uwaserukiye umuryango w’ababikira b’abaxaveri yagize ati : turemera ko urukundo ruhindura vyose, eka rugahindura n’inabi ikavamwo iciza. Ati rero twebwe twipfuza kubandanya urwo rukundo, ndetse turanashima icipfuzo ca Papa Francisco yasavye ko amaraso y’abamisiyonari aguma aseseka hirya no hino yoba nk’imbuto ibibwe ngo ize ikomeze urwo rukundo.

Eka n’umuryango w’abapatiri b’abaxaveriyano baba aha mu Burundi kw’izina ry’uwubarongoye kw’isi yose wagize uti nta nsiguro n’imwe iriho yoza gusigura ubu bwicanyi. Baremesheje bashiki babo b’abaxveri basangiye umuryango, bati : “Ntimucike inkokora, mwumve ko turi kumwe namwe, Imana nayo ikaba kumwe natwe twese”.

Kw’izina rya Leta y’Uburundi Prosper BAZOMBANZA yagize ati : “ Si Paruwase Kamenge canke Diyoseze ya Bujumbura gusa yabuze, ati n’Uburundi bwose bwabuze, ndetse na Afrika nzima cane cane Congo, aho abo bahisi bakoreye umwanya uteri muto. Leta irashima ubutwari bwa Mama Olga, Bernadette na Lucia hamwe n’ivyo bakoreye abarundi. Imana yazuye Yezu Kristu nawe nyene yishe urwo agashinyaguro, ntizobura kubazura n’abo nyene.Turashimiye abarundi kukuntu bagumye bafatanye munda, igipolisi kuvyo cashitseko, kandi turabijeje ko ibikenewe vyose bizokorwa kugira ukuri kumenyekane, amategeko akore, maze ntibize bisubire. Dusavye abamisiyonari baje kudufasha mu Burundi kudacika inkokora kubera ivyo vyabaye, ahubwo bumvye ko tukibakenyeye, babandanye badufasha, ndetse baturungikire n’abandi nkuko babikoze mu gihe twari mu magume.”

Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA arongoye inama nkuru y’abepeskopi mu Burundi nawe yashimiye aba Kristu bo mu Kamenge ku mutima w’urukundo no gufashanya berekanye mukuba hafi abamisiyonari bahasigaye, ndetse baranabiseruye ko aho bahaguruka batwawe n’ishavu basaba ko abise abo babikira bohanwa. Yasavye Leta gukora ibishoboka vyose babandanye batohoza ngo ukuri kumenyekane kuko uwushaka gukinga yubakira kukuri.

Mu gusozera iyo nkuka y’Imisa, abasenyeri bari bahari, uwuserukira Papa aha mu Burundi na patiri mukuru wa Paruwase Kamenge bahezagiye ibiziga vya banyakwigendera Mama Olga, Bernadette na Lucia aho vyari biri mu masandugu, bakaba bakoreshje amazi ahezagiye hamwe n’icotezo.

Bongeye kandi barashira ingori z’amashurwe kuri ayo masundugu.

Inyuma yaho, baciye barerura amasandugu arimwo ibiziga vy’abo babikira babijana mu modoka, abihebeye Imana n’abandi ba Kristu baraherekeza.

Ivyo biziga vyaciye vyurizwa umuduga kugira babijane mu gihugu kibanyi ca Congo muri Diyoseze ya Bukavu , aho abo bahisi bazoshinguranwa iteka kuri uyu wa kane, kuko ariho baranguyiye ubutumwa bwabo umwanya muremure imbere y’uko baza gukorera muri Paroisse Kamenge, aha mu Burundi mu 2007.

Ahokwisengero y’Umusozi wa Siyoni I Gikungu, agahinda kari kose : bamwe barira, abandi barata ubwenge. Amarira, amosozi…. !!!

Nta ciyumviro kirajako!