Umukenyezi w’umudandaza ni kirumara mw’iterambere ry’imiryango ry’igihugu
Partage

#Burundi Bakunzi ba Mashariki TV , uyu munsi twagendeye abakenyezi bacururiza ku gasoko kari ku mutumba wa Kibimba muri commune ya Giheta mu ntara ya Gitega, aho batuyagira ku bijanye n’ubucuruzi bwabo. Nkuko bavyivugira, ngo kubera ugucuruza ivyimburwa bitandukanye baraterera mw’iterambere ry’imiryango n’iry’igihugu muri rusangi. Ariko barasaba ko bokwubakirwa isoko kugirango bakore borohewe. ( Mashariki TV )