Partage

SECTION CNDD-FDD MU GIHUGU CA SWEDE

Repuburika y’ Uburundi Umugambwe Cndd-Fdd

Segisiyo CNDD-FDD mu Gihugu ca Suède.
Mu nama Section yatunganije kw’igenekerezo rya:
2017-09-11 , urwego nyobozi rwashimye guserura ivyafundikiwe muri iyo nama ,bijanye n’ubwigenge bw’Igihugu cacu n’Abarundi bishimikiye kuri ”Rapport de la Commission des Droits de l’Homme des Nations Unies sur le Burundi”
Komite nshingabikorwa vya Section CNDD-FDD , yafashe izingingo zokwiyamiriza iyo Rapport yuzuye ibinyoma:

1. Twagomba twifatanye n’abarundi isinzi bakunda igihugu cacu cu Burundi mukwiyamiriza icegeranyo cashizwe ahabona n’ugwego rukuru rujejwe ivy’ agateka ka zina muntu, aho ubonako intumbero yiyo raporo atakindi igamije atarugusubiza mw’ihumbi igihugu cacu.
Twihweje ububeshi burimwo, nko mukwemeza ko harivyo biboneye kandi batashitse kurubuga; kutareka ngo inzego z’igihugu zatowe n’abene burundi zibandanye ibikorwa vy’iterambere n’umutekano w’abanyagihugu nk’uko biboneka mu gihugu cose,

kutareka inzego z’igihugu ngo zisigure intambwe zigezeko mubikorwa mutekano n’iterambere , iyo komisiyo ntishaka guha agahengwe Leta y’Uburundi ngo igume yisuganya mugihugu , no mu karere k’umuryango w’ Afrika y’Ubuseruko ,utibagiye mbere n’Umuryango w’ubumwe bw’afrika.

Igitangaje ahubwo iyo komisiyo yikoranira gusa n’ abashatse gutembagaza Leta yatowe n’abenegihugu kw’igenekerezo 2015-5-13 ari nabo bamatanye n’uruhande gw’abatavuga rumwe na Leta cokimwe na ya mashirahamwe yiyita ko adaharanira iinyungu za politike.

2.
Turatangazwa n’ukubona aho kw’isi yose abagerageje guhirika ubutegetsi batabwa mu mvuto, ariko mugihugu cacu bagashaka ko twobasasira indava ngo tubumvirize twongere tuganire, atahandi vyabonetse.

3. Abagize Section y’Umugambwe CNDD-FDD mu Gihugu ca Swede turifatanije n’abarundi bose muri uru rugamba rwo kwiyamiriza ibihugu bimwe bimwe bitabona ko abanyafurika bikukiye tutakiri abaja babo, aho babona ko abanyafurika tudashobora kwitorera indongozi twishakira, nuko tudashobora kwitorera inyishu mugihe hari utugorane twadutse. Ninaco gituma dushigikiye ivyo nyakubahwa Smail Chergui aheruka kuvuga kuvyerekeye u Burundi, aho ahamagarira ibihugu n’amashirahamwe bigomba kwivanga mungorane zacu gukuramwo akarenge.Turashimira can ibihugu bigize Ubumwe bw’Afrika ,vyo vyemera kandi bikemanga ko ”INGORANE ZA AFRIKA ZOTORERWA UMUTI MURI AFRIKA,”kizirako Ubumwe bw’ibihugu vya Bulaya biza birisuka mu bitabaraba ngo baje gucungera amatora muri Afrika ; kuko nabo barategura amatora kandi bakemeza ivyavuyemwo Afrika idashizemwo akarenge.

4. Turemeza ko uburundi buri munzira nziza ya demokarasi ari naco gituma, nkuko bigenda nahandi, uwatsinze amatora bamureka agatwara, uwatsinzwe akarindira amatora akurikira, ninaco gituma ingendo n’ingeso ya tura tugabure nivyanka tubimene twoyisezerera burundu;tutibagiye imisunikano yoguhatira kunguvu ”Ikirwanisho citwa Ibiganiro bidakura” navyo bikaba vyama bihishije mukwaha icuka c,amaraso : akarorero ntikari kure (amaraso yasesetse mu Rwanda, muri Lybie,Cote d’Ivoire, muri Syria n’ahandi henshi)

5. Turangije dusaba abarundi bose aho bari na cane cane abari mugihugu ko bobandanya babana mumahoro, ubumwe, n’ ubuvukananyi.Dusaba benewacu mugihugu kwirinda kuzimanganya ubuzima bw,abavukanyi babo.

6. Dusavye mumaguru masha ko ibihugu bihurikiye mu muryango w’ubumwe bwa Bulaya cokimwe n’Ishirahamwe rya ONU gutangura ibiganiro hisunzwe Ubwigenge bw’Igihugu cacu.
Imana yaduhaye igihugu c’ Uburundi ibandanye ikituzigamira, izigame n’ abaco.
Bigiriwe Stockholm, Suède, itariki 12/9/2017
Kubwa segisiyo ya Suède
Macaire Bacamugwanko
Umunyamabanga ntunganya bikorwa vya Section CNDD-FDD mu Gihugu ya Swede.

Umugumyabanga, Macaire Bacamurwanko
+46729063956