Le mea culpa du ministre Ndirakobuca
Gervais Ndirakobuca : « Je demande pardon au nom du gouvernement ».
 
La réunion de ce vendredi 19 mars à l’Hôtel de Ville, entre le ministre Ndirakobuca et les associations des transporteurs en commun restera dans les annales.

Le ministre de l’Intérieur, du Développement communautaire et de la Sécurité publique a demandé pardon à la population, victime des collecteurs des cotisations dans les parkings des bus.

« Au nom du gouvernement, je demande pardon à la population parce que nous n’avons pas exercé notre rôle de protéger la population contre un certain groupe de gens qui est venu collecter des cotisations dans les parkings. Toutes ces collectes sont contraires à la loi. Je demande pardon et vous aussi vous devez faire de même », a imploré le ministre Gervais Ndirakobuca

Il était venu pour voir si la décision de suspendre les collectes des cotisations dans les parkings des bus est déjà mise en pratique. C’est une rencontre que le ministre Ndirakobuca a, lui-même, nommé « un coin du feu », pour échanger avec les représentants de ces associations sur l’état des lieux des mesures prises.

Un coin du feu qui a mal tourné

Sur un ton nerveux le ministre ne s’est pas retenu, il leur a sermonné, les qualifiant de voleurs : « Vous avez volé la population. Où va cet argent que vous avez collecté ? », en colère

« Vous conduisez des voitures, des vélos et motos, mais quand une route est abîmée, vous êtes les premiers à crier et à demander au gouvernement de les réhabiliter. Combien de routes avez-vous construites ? Combien de routes avez-vous réhabilitées avec les milliards que vous collectez depuis des années ? ». Après chaque question, le ton montait.

Des questions sans réponses. Et il a repris une autre rafale de questions : « Vous vous emprisonnez entre vous, cela est un autre gouvernement que vous avez créé ? C’est déplorable. C’est triste que cela se soit passé sous nos yeux sans réagir. Sachez bien que ces collectes sont suspendues. C’est la mairie qui est à la charge de collecter les taxes et les impôts »

Le ministre met en garde toute personne qui collectera encore une fois des cotisations dans les parkings de bus. Selon lui, des mesures sérieuses seront prises contre les contrevenants ou les récidivistes.


Verbatim

Nsaba imbabazi abenegihugu ntitwabahagariye nka Reta. Haraje uwundi muri w’abantu utangura gutoza amahera abenegihugu, reta itazi iyo bayatwara. Iyo yabaye défaillance ya Reta.

Ntimuje ngaho ngo muce mwikubita hejuru ngw’ingingo yaraduhohoteye ivyo mwakora vyose ntivyari vyemewe n’amategeko. Muriko muravyumva ? Ko mutishura ? Ko mutishura ?

Ndasavye ikigongwe kw’izina rya Reta. Namwe mukwiye gusa ikigongwe. Na Mwebwe mukwiye gusaba ikigongwe. Amafaranga mwatoje yose kuva ayo ma association yanyu abaho yoooose n’amahera mwivye abenegihugu. Ayo mwivye abenegihugu. Ndabisubiyemwo.

Kandi nukuri mbere ikibabaje nigituma nsaba ikigongwe cane ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu nibwo bwateregerezwa guhagararira abo benegihugu kubera yuko aribwo bwari bwabahaye ama agreement. Nibwo bwatagerezwa kuraba yuko ivyo bwabasinyiye arivyo muriko murakora. Mugabo bwarasamaye ntibwigeze bukwirikirana ngo burabe yuko les statuts z’iwanyu muriko murazigendera nkuko mwazidepoje mubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Aho nsabira ikigongwe, imbabazi cane kw’izina ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Kubona amabarabara uno musi ameze uko ameze, ibiraro vyirigwa birabomagurika hariho abantu batoje amafaranga imyaka irenga cumin a, imodoka iriha 6000, 5000 ku musi, umukokayi atahana 5000 mu musi yiriwe yicaye, umutaxivelo yirirwa arabira icuya ariha amahera 100 ku musi, birababaje, birababaje.

Ntimuje ngaho ngo mwigire abagangi. Kandi ntimwibaze ngo vyaraheze. Ntibirahera. Ubushikiranganji bugiye gushiraho équipe isesengura amafaranga mwatoje yose ukuntu angana. Ntibishobora kwijana. Dutegerezwa kumenya abantu bose bari batonze inyuma yanyu, abo bose batavuga abo aribo.Dutegerezwa kubamenya abo bose bari inyuma yanyu, abo mwatoreza mugabura dutegerezwa kubamenya.

Reta imaze kugira ibikorwa bikomeye, la mission de protéger, poursuivre et juger, gérer la chose publique en beau père de famille, le droit de battre la monnaie namwe mugaca mugenda mugatoza, Reta ikaguma yirabira k’uruhande birababaje.

Reta mvyeyi yubakiye kubikorwa vyo gukwirikiza amategeko, Etat de droit. Etat de droit ntiyigeze ibaho mu gihe mwirirwa mutoza amahera abenegihugu tutamenya nico aja gukora. Mwari mwigize Reta mu yindi.

Nico gituma benshi bavuze bati ATRABU ati aka association, ati ATRABU yaca ivuga ngo nuze ngaha, nuze ngaha. Izo nguvu za ATRABU dukeneye kumenya izarizo. Yazikuye hehe ? Niyo statut yadepoje mubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ? Ndababwire rero bana ba mama mwararengeye Reta, mwararengeye Reta.

Havuzwe vyinshi ngaha, havuzwe vyinshi. Indyane ziri hagati yanyu. Reta ntishobora kwemera kwako kajagari kuyu musi kabandanya. Murabona yuko bamwe mwahinduye musigaye mwavuye muma association sans but lucrative mukagira amakoperative.

Ivyo Reta ibiretse bikabandanya vyovamwo mw’iki? Havuzwe uko mufungana, bamwe bakaja mu Mpimba, ntimwumva ko yari reta yindi iri ngaho k’uruhande? Birababaje kandi namwe mwavyivugiye. Mwavuze muti aho ibintu bigeze uno musi dusavye ko Reta yoshiramwo ikirenge. Genda mutekane mutuje ico Reta izobona kibereye nico izokora.

Kandi muce mutumbera ico Reta izoba yavuze. Kizoba ari ico nyene. Mugabo ico mvuye ngaha ndababwiye coco uwiyumvira ko azosubira gutoza amafaranga kuri lieu public, kw’I parking, ico oublier.

Uwagiye mw’ishirahamwe ryanyu abemera muhamagare ayabazanire ku biro iwanyu. Ntihagire umuntu asuira kuvuga yuko aza gutoza amafaranga kuri parking. Ivyo vyarahagaze. Ntibisubira inyuma. Ntibisubira inyuma.

Kuvuga ko ingingo yakiriwe nabi canke yakiriwe neza, Reta turi ngaha duserukira abenegihugu. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’iterambere n’umutekano bufise abenegihugu, bukagira administration,bukagira igipolisi, inguvu zose burazifise.

Ivyo nababaza ngaha nari ndabizi. Le constat nari ndayizi. None amaraporo ntiyirirwa araza. Amaraporo yirirwa araza. Iyi ngingo yakiriwe n’abarundi nka bose 100/100 bose bariruhukije. Ndabahamagarire rero mubwire abo banywanyi banyu bave muri ivyo barimwo gutoza amafaranga ataco bariko barakora, kurya badakoze, bagende mu bikorwa vyo kwiteza imbere, vyo kurwiza umwimbu kandi nshima yuko bamwe bari baratenguye kuja mu makoperative.

Mugabo izo koperative mwariko mujamwo mwazihaye intumbero atariyo. Mwariko muja muri koperative yo gutoza amafaranga muri mairie. Koperative Reta yavuze sizo. Tuduga ruguru kurima, kurwiza umwimbu, nizo koperative. Apana kwirirwa wicaye kuri parking ngo uri muri koperative, kumugoroba ugaca utahana amafaranga. Sivyo na gato.

Ndabahamagarire mubwire abanywanyi banyu bose bahindure umwuga bariko barakora kuko ntamwuga urimwo bwari ubusuma. Bagenda mu bikorwa vyo kwiteza imbere mukurwiza umwimbu. Niho Abarundi bose turiko turaja twese. Hanyuma mpamagarire abajejwe inzego z’umutekano babandanye bahagarariye iyi ngingo yafashwe kugira désordre yose yoba irimwo yooose ihagarare, ihagarare.

Mpamagarira nuwujejwe igisagara ca Bujumbura ko boshiraho les pancartes zerekana abipakiza mu miduga aho bagenda baherereye kugira vyorohere n’abapolisi kugira boriyante abenegihugu.

Nsaba yuko iyi nama tugiriraniye sinumve umuntu ngo yari umukokayi, ngo yari umutransporteur ariko yitwara uko yishakiye, ngo agende avuga ayo yishakiye. Iyi ngingo twayifashe kuneza y’abenegihugu bose kandi barayishimiye, barayikenguruka.

Ivyo muvuga mukora abenegihugu bose barabikora. Ntihagire umuntu avuga ngo twakora ibikorwa rusangi kubera ngo twari muri ATRABU,oya. Ngo kubera twari muri Taxivelo, oya. Ibikorwa rusangi ni intumbero ya Reta. Bikorwa n’Abarundi bose. Kuko mu Cankuzo abakora ibikorwa rusangi ntibari muri ATRABU, ntibari no muri association des taxivelos mugabo ibikorwa rusangi birakorwa. Ntihagire uwusubira kuvuga ngo twakora kubera ibi. Uca umengo ni contrepartie Reta yabahaye kugira muze gukora ibikorwa rusangi. Ivyo sivyo namba.

Ikibazo c’umutekano mwavuze ngo mwafasha mu mutekano, gufasha mu mutekano ni devoir y’umurundi wese, ni constitutionnel, biri ngaha muri Constitution. Ndabifise ngaha.

Mumajambo make umurundi wese aho aherereye ategerezwa guhagararira amahoro n’umutekano aho ari hose. Umurundi wese aho ari n’umupolisi, n’umusirikare kubijanye n’amahoro n’umutekano mugihugu ciwe. Nivyo twese duhamagarirwa. Biri ngaha mw’ibwirizwa Nshingiro.

Ndasavye rero yuko twayaze twumvikana kandi mwabonye yuko hariho agahaze na mwebwe muri ayo mashirahamwe yanyu mwabonye ko namwe harico mutabona kumwe. Kandi nshima nkenguruka ko mwabonye yuko iyi ngingo hari hakenewe kwifatwa kugira namwe mwiyevaluer.

Nkabahamagarira kubandanya mwiyevaluwa ariko musigurira abo bari batunzwe nayo mahera atamewe n’amategeko batoza ku maparikingi, ko bose bogenda bahindure ingendo bagende mu bikorwa vyo kwiteza imbere, vyo kurwiza umwimbu hama wa munywa uronke ico ufungura n’umufuko uronke amafaranga.

Nivyo mumajambo make noherezako nongera ndabakengurukira kukiganiro twagiranye kandi na mwebwe mubona ko cari gikenewe kandi mbona neza ko mwagishimye, mwagikengurutse. Nubu nongera ndabamerera yuko n’ejo canke hirya y’ejo nimwabona bikenewe muzondonere na jewe ninabona bikenewe ko ndabarondera ndi ngaha kuri reta Mvyeyi kandi Nkozi kugira ibitagenda neza vyose tuze turabiyaga ariko ico reta Mvyeyi ishira imbere nikwirikizwa ry’amategeko. Ikitemewe n’amategeko cose nticemewe. Nico cishe igihugu cacu, twse tumenye kugendera mu mategeko.

Tukagendera mu mategeko twese igihugu cacu mu misi mikeyi tuzokiraba tukiyoberwe iyo cavuye niyo kizoba kigeze.

Nkarangiza ndabashimira, ndabakengurukira nongera ndabipfuriza umutaga mwiza na week-end nziza. Tubandanye dukwirikirana abo tujejwe mu amassociatio yacu sans but lucrative, association yacu sans but lucratif, tugume aho nyene, tureke guhindura nivyo Reta Mvyeyi.

Par Fabrice Bimenyimana (Iwacu)

Facebooktwitterlinkedininstagramflickrfoursquaremail