Partage

Barundi, Barundikazi

1. Imbere ya vyose, Twagomba tubanze tubasabe mudufashe dushimire Imana Rugiravyose yo itanga ubuzima kandi ari nayo yo nyene ifise uburenganzira bwo kubusubirako.

2. Kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 02 Myandagaro 2015, aho Abarundi bari bazindutse baja guhimbaza Imana, hari abandi bobo bazindukiye kwitegurira gukora ishano. Abo nabo bahekuye Uburundi.

3. Mu gitondo co kuri uyu musi w’Imana, Intwazangabo Lieutenant Général Adolphe Nshimirimana, yahitanywe n’ibisasu vy’abicanyi, bamwe ata kindi barota atari ukwamiza igihugu mu maganya no mu marira.

4. Turahojeje umuryango wiwe, turahojeje kandi inzego z’igisirikare n’iz‘igipolisi bari basanzwe bakorana bafatanye munda hamwe nabo bahora bakorana mu biro vy’Umukuru w’igihugu.

5. Uburundi burabuze umugabo w’ijunja n’ijambo kuko Lieutenant Generali Adolphe Nshimirimana yari intwari koko.Yaritanze bidasanzwe mu gukora atiziganya kugira hatebe hashingwe inzego z’umutekano zihurikiyemwo abarundi bose Uburundi bufise uno musi.

6. Turamusabiye ku Mana Mushoboravyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ihe umutima wo kwihangana no kwigumya umuryango wiwe, tutibagiye incuti abagenzi n’abakunzi biwe aho bari hose.

7. Tuboneyeho n’akaryo ko gusaba Imana ko yotuja imbere, kugira abakoze ako kabi kabishe batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha.

Barundi, Barundikazi,

8. Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane.

9. Hagize kandi imisi higaragaza ubwicanyi bugirirwa abantu bamwe bamwe kubera amabanga bajejwe, haba mu migambwe canke mu nzego z’igihugu. Turasavye abarundi ngo bame barikanuye, babandanye bakomeza ya makomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose, kugira ababisha bafise iyo migambi iburizwemwo kandi bafatwe bahanwe.

10. Abarundi tubasavye kugendera ubwitonzi n’ubwira vyaranze Nyakwigendera Lieutenant Generali Adolphe Nshimirimana, ntibagwe mu mutego w’abo babisha, ngo bahave baja mu vyo kwihorahorana.

11. Lieutenant Génerali Adolphe Nshimirimana yari umugabo w’ijunja n’ijambo, agendana kandi akundana na bose, atagutandukanya ubwoko, intara, amadini n’imigambwe

12. Dusavye rero ko abamukunda bose kandi bakunda igihugu cabibarutse bokwirinda ako gasomborotso, ntihagire uwurya urwara uwundi, kuko abamugandaguye ariwo mutego bashaka gukoresha ngo abarundi basubiranemwo.

13. Turasubiye kandi gushima ingendo yaranze abanyakamenge mu bihe biheze, kuko bagumye bigumije mu gihe abo mu ma karitiye vyegeranye bariko baragumuka.

14. Ni mugume mufatanye mu nda, mugendere impanuro z’umuvukanyi wanyu Lieutenant Generali Adolphe Nshimirimana mwahora mwamana aho mu Kamenge, akaba ari naho yagandaguriwe. Ntimusukire mu coze abansi b’igihugu ata kindi barota atari ukubacanishamwo.

15. Uwukunda Lieutenant Generali Adolphe Nshimirimana tumusavye kwigenza nkawe, agendere ubuntu, urukundo n’ubumwe yirinde ishavu n’ihorihori, kuko Abarundi barayamaze ngo : “Ihorihori rihonya Umuryango“, kandi ngo :“ishavu rigira ngo ica uwawe nkureke“.

16. Abarundi aho bari hose mu mitumba no mu makaratiye tubasavye gutekana nokubandanya bafatana munda. Inzego z’igisirikare n’iz‘igipolisi, kurya hari ikimenyetso c’umutwe w’intare kiri ku mwambaro ubaranga, bakoreshe ubwenge, ubuhinga n’ubutwari bafise, kugira ikiringo dutanze c’iyinga rimwe ntikirangire abo bicanyi batarafatwa.

Barundi, Barundikazi,

17. Nkuko ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu rubivuga ngo :“Imana yakuduhaye ikudutungire“, twashaka kuremesha ababuze n’abarundi bose, yuko abagize imisi bakora ubwo bwicanyi bugayitse, n’abafise iyo migambi igayitse bagiye kuja ahabona.

18. Twashaka kugabisha abantu bamaze imisi bakora ubwo bubisha n’abagifise iyo migambi babihagarike mu maguru masha. Atari uko, Imana igiye kubagaragaza bicuze. Burakeye tuharabe, Imana yo mw’ijuru niyo cabona.

19. Turangije dusubira gusabira ku Mana Mushoboravyose Nyakwigendera Adolphe Nshimirimana, incuti akaba n’umugenzi w’igihugu n’abarundi, ngo imwakire mu Bwami bwayo.

IMANA NIHANGAZE UBURUNDI N’ABARUNDI,
MURAKOZE.