Partage

alexis-sinduhije-president-du-msd-_.jpg

(Publier par Révélation Ivy ) Kuri Alexis Sinduhije : Mutama turabaramukije. Nk’uko mwabidusavye, iyi ni raporo y’ingene Manifestations zari ziteguwe. Akamo mwaduteye ko gukorana na FOCODE, APRODH, FORSC & OLUCOME twarakitavye turi benshi muri MSD mu ma komine yacu yose kiretse mu Ngagara kuko habaye ukutumvikana. Bapfuye amahera baca barabivamwo. Ubiravye vraiment nta bandi baje ku bwinshi. Twagiye twumva rwa Nyamitwe rubivuga kuri BBC ngo ni aba MSD bari mw’ibarabara. N’aho tutashitse muri town akazi twagakoze neza.

Mu ncamake rero, muri Kinanira 2, abitwa Bosco na Ntakarutimana berchmas (boulangerie Umuco) nibo baha imikate hamwe nama baignets aba manifestants. Baremeye kubandanya badushigikira. Ivyerekeye imfungurwa, chaque commune yari yavyigashemwo neza. Ku Musaga twafungurira haruguru y’Urusengero rwa Ngarambe (hubakishijwe blocs ciments) niho abantu baja par blocs de 50 kurya saa sita. Hagera saa munani bose bahejeje. Nihamwe mwigera kurara igihe twinyegeza kubera ikijeshi cariko kirakurondera. Ikibabaje, Ndihokubwayo Divin batazira Mboni ari nawe yadufasha gukomeretsa abapolisi yarafashwe, apfungiwe muri BSR.
forsc2.jpg
No kubona RPA bayugara bagaca na whatsapp & facebook vyarasubije inyuma mobilisation. Gilbert yari ashavuye yagire yimanike. Rugurika wewe no kuryama ntakiryama. Mu ba Taxisman twoshimira cane Janvier, wawundi yambara ihereni rimwe wo ku rya 3. Yaradufashije mu kujana za nkoho 6 mwarungikana Bujoma. Nayo ahandi bagire bazifate.

Ya ma Pistolets 24, JoDassin wo ku rya mbere yarazidushikirije kandi ba bahungu baja muri formation bose bararonse. Ariko imwe nibaza ko idakora neza. Maggy Barankitse wo mu Ruyigi n’aho atabandanije neza yagumye arungika son frère kuri logistique. Gushika jeudi yaraduhaye ka gashirukabute. Jewe naronse 15.000 par jour ariko mwibuke ko mwari mwemeye ko jewe na Claude bari kuduha 25.000 par jour. Mu Nyakabiga amatwi ansumira barashikanye 30.000 Fbu / jour. Mu nama twagize ce vendredi twabagumukanye cane. Dusaba 50.000 par jour kuko murabona ko bitoroshe. Ba Rufyiri batanguye kutwikura ngo ntibadusavye guturira amapine n’imiduga. None siko mwari mwatubwiye ? Nagire ahubwo ndabasabe twikure aba bajama ba Société civile kuko umengo boba barariye amahera Maggy yabahaye. Ica nyuma nagire ndabibutse wa muhango wa jenyene. Sinzi igihe bizokundira ariko bagire bansohore mu nzu kubera ya 4 mois ntarishe. Mundungikiye kuri Western Union mwoca munterefona. Ya Lumitel yaratakariye muri Manifestation mwondondera kuri Smart. Yari Yves Gashitsi (Sango)